GOD'S KINGDOM
Promoting the kingdom of God, wining souls as equipping the Body of Christ.
20/06/2026
Nk'uko twumva duhezagiwe cane iyo turiko turasoma canke iyo turiko turumva ijambo rivuga ngo:
Ni we akura umugorwa mu mukungugu,
Agashira hejuru umukene, amukuye mu mwavu,
Kugira ngw abicarikane n'abahambaye,
Bararwe intebe z'icubahiro (1 Samweli 2:8),
dukwiye kandi no kwishima igihe twumvise ko Umwami ashobora kudukiza ivyaha bitugora, twebwe abanyantenke akaduhindura abanyenkomezi.
Imana twizeye ntikorera gusa mu kuzamura abakenye ikabashira hejuru; hariho n'ayandi makuru yuko ivyaha vyacu vyinshi bituremera ishobora kubidukurako igihe tuyibisavye, ikaduhindura abantu bidegemvya.
Erega hari igihe wosanga ico ukeneye cane ari *imbabazi* gusumba uko ukeneye *gukurwago agakengerwe*.
Nuko rero nah' ivyaha vyawe vyotukura tukutuku, bizokwera derere nka shelegi ; naho vyotukura nk'agahama, bizohinduka nk'ubgoya bg'intama y'umwero.
17/06/2026
Igihe Petero yari yicaye ahantu mu cumba arindiwemwo arindiriye ko bamwica, ntan'inkomezi zo gusenga yari agifise.
Bibiliya ivuga iki? :
Arikw ab'ishengero baramusengera, batakambira Imana bakobeje.
‼️Icakurikiye isengesho:
Maz' umumarayika w'Umwami Imana amuhagarara i ruhande, umuco ubonesha mu nzu. Akoma Petero mu mbavu, aramukangura, ati Vyuka n'ingoga. Iminyororo imuva ku maboko, irakoroka.
Umumarayika aramubarira, ati Kenyera, wambare inkweto zawe. Abigenza artyo. Kand' aramubarira, at' Ikubirek' umutamana wawe, unkurikire. (Ivyakozwe n'intumwa 12:7-8)
Ndakubarire, naho utoba ugifise uwugusengera, uwusumba bose aragusengera: Kristo Yesu.
Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikira Imana kubgiwe *kuko na ntaryo yamaho ngw abasabire*. (Abaheburayo 7:25)
Ni nde azobatsindisha? Mbega ni Kristo Yesu, kand' ari we yapfuye? Ibibiruta yarazutse, ar'i buryo bg'Imana, *bitayekw aradusengera.* (Abaroma 8:34)
Nk'uko isengesho ry'abo mw'ishengero ryarokoye Petero ni ko isengesho rya Kristo kuri wewe rizokurokora: ego cane aho uri rizohagusanga.
Naho ibindi vyose vyokunanira, ariko umutima wawe wowo ntuwukundire kureka Imana.
Cliquez ici pour réclamer votre Listage Commercial.
Type
Contacter la personnalité publique
Téléphone
Adresse
Lille
59650