SILVA

SILVA

Share

Genda mushigikire uru rubuga mugukora SUBSCRIBE no kuri chaîne YouTube SIRIUS DOCS: https://youtube.com/@siriusdocs-s2p?si=QXXnzxPXQdeYZFj0

08/07/2026

🔴⚫️NTIBISANZWE: Israël igiye kwinjira mu ntambara ya Iran

Ku mugoroba Israël yari yamenyeshejwe na USA y’uko Washington iza gukora ibitero vyagutse muri Iran

Nétanyahou yari yamenyesheje ko abanya Iran ari ababeshi, ivyo na Trump arabizi

Ikibuga c’indege ca Mehrbad muri Iran kuriko kirakurwako abantu n’ibintu. Hitezwe ibitero vya Israël

08/07/2026

🔴⚫️BIRIHUTA: Amerika iriko iragaba ibitero biremereye kuri Iran

Washington iripfuza guca intege Iran zo kugenzura Hormuz

Trump yamenyesheje ko agahengwe kaheze

Abayobozi ba Iran bashobora gupfa bose

Iran ntizigera itunga ikigwanisho ruhonyaganda

08/07/2026

🇫🇷France:Marine Le Pen azokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu

Sentare isubiramwo imanza ya Paris yaraye yemeye ko Marine le Pen yagira ivyaha vyo gukora amanyanga mu nama nshingamateka ya UE. Yamara yafuse ingingo imubuza kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu. Arashobora kwitoza ariko azomara umwaka apfunzwe ic’amaso kandi yambaye umuringa

Marine le Pen yari yaranse kwitoza yambaye umuringa kandi n’ubu niko azobigira kuko yamaze gushira urubanza muri gasamburamanza, bivuze ngo ingingo zafashwe muri sentare isubiramwo bizoba birahagaze

Izoba ibaye incuro ya kane Le Pen yitoza mu matora y’umukuru w’igihugu agatsindwa. Kuri iyi ncuro, Umugambwe Rassemblement National wa Marine le Pen uza imbere mu biharuro vy’abakoreweko amatohoza

Le Pen azogira Jordan Bardella umushikiranganji wa mbere n’ubwo vyasa n’uko abafaransa bari batanguye kumenyera ko ari we azokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu

RN urakunzwe mu bufaransa kubera ko abantu bipfuza kuwuha amahirwe kugira ngo nawo ugerageze ariko ufise imwe mu migambi itavugwako rumwe nko kadakunda UE & OTAN, kwanka abimukira n’abanyamahanga,...

07/07/2026

Macron yabaye umukuru w’igihugu wa mbere wo mu burengero bw’isi yagiye muri Syrie inyuma y’itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Bashar Assad. Agishikayo, humvikanye ibiturika mu mugwa mukuru Damas ariko yabandanije urugendo

Want your business to be the top-listed Media Company in Dubai?
Click here to claim your Sponsored Listing.

Telephone

Address


Dubai