Burunga GF
Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Burunga GF, Actor, Bujumbura, Makamba.
14/05/2026
🔴🚨‼️💥🇱🇧🇮🇱‼️ Inzego z’Ubutasi za zivuga yuko yegeranije ibikoresho vyo guteranya misiles ku bice 90% vy’izo yari ifise imbere y’intambara. Ubu izo misile zikaba zishobora gukora.☠️💥🇮🇷✍🏾
14/05/2026
Babisabwe n'igihugu c’Ubushinwa, abarongoye Iran baretse ubwato 30 burarengana muri Détroit d'Ormuz kuva mu masaha 24 aheze
Mwibuke, Donald Trump na Xi Jinping bahuriye i Pékin muri deals za politique, ubutunzi na diplomatie. Bose bemeranije ko bikwiye ko Ormuz yuguruka
fyonda suivre kurururubuga ubandanye ubona nayandimakuru mashasha ajanye nivyizintambara
SOURCE 👉
13/05/2026
🟥 ibintu 20 ushobora kuba utaruzi kuri Koreya ya Ruguru 🇰🇵 🙈
▪︎Kubuza abantu kuva mu gihugu:
Iyo wavukiye muri Koreya ya Ruguru, ntuba wemerewe kuva muri ico gihugu. Utegerezwa kuhaba ubuzima bwawe bwose, canke ugahanishwa ibihano bikomeye.
▪︎Urwego rw’abantu baba i Pyongyang:
Ababa mu murwa mukuru Pyongyang bafise ubuzima bwiza kandi bafatwa nk’intore z’igihugu.
▪︎Ifoto y’umukuru w’igihugu ni itegeko:
Buri rugo rwo muri Koreya ya Ruguru rutegerezwa gushiramwo ifoto ya Kim Jong-un, umukuru mukuru w’igihugu.
▪︎Gukiza ifoto imbere y’abana:
Iyo habaye umuriro, umuntu asabwa kubanza gukiza ifoto y’umukuru w’igihugu. Kutabikora bishobora gutuma aja mw’ibohero.
▪︎Bibiliya ni icaha:
Kugira Bibiliya birabujijwe cane. Ivyo bishobora no guhanishwa urupfu.
▪︎Imisatsi yategetswe:
Abanyagihugu bategerezwa guhitamwo imisatsi iri ku rutonde rwemewe na Leta: 18 ku bagore na 10 ku bagabo. Iyindi yose irabujijwe.
▪︎Amazina abujijwe:
Nta muntu yemerewe kwitwa Kim kugira ntasangire izina n’umukuru w’igihugu.
▪︎Impuzu zigenzurwa:
Leta ni yo igena ingene abantu bategerezwa kwambara. Imideri y’Abanyaburaya n’Abanyamerika irabujijwe.
▪︎Guhana umuryango wose:
Iyo umuntu akoze icaha, umuryango wiwe wose gushika ku bisekuru bitatu ushobora gupfungwa canke kurungikwa mu makambi y’ibikorwa vy’agahato.
▪︎Internet nto cane:
Internet nk’iyo tuzi ntibaho. Hari imbuga 28 gusa zemerewe, kandi zose zigenzurwa na Leta.
▪︎Amatora ata guhitamwo:
Amatora aba buri myaka 5, ariko haba umukandida umwe gusa. Gutora rero ni ukwiyerekana gusa.
▪︎Guhamagara hanze birabujijwe:
Guhamagara mu mahanga ni icaha kandi bishobora gutuma umuntu aja ubwo nyene mu nkambi y’ibikorwa vy’agahato.
▪︎Televiziyo igenzurwa:
Igihugu gifise imirongo 3 gusa ya televiziyo, yose igenzurwa na Leta kandi yerekana poropagande gusa.
▪︎Jean zirabujijwe:
Kwambara amapantalo ya jean bifatwa nk’umuco w’ibihugu vy’Uburengero, rero birabujijwe.
Kalendari yabo bwite:
Koreya ya Ruguru ikoresha kalendari yayo itangurira ku mwaka Kim Il-sung yavukiyeko mu 1912. Ku bwabo ubu ni umwaka wa 111.
▪︎Iminsi mikuru y’itegeko:
Imisi yose ijanye n’abarongozi (amavuko, urupfu, intsinzi n’ibindi) ihimbazwa ku nguvu kandi mu buryo bwa patriotisme.
Cinema igenzurwa cane:
Amafilime yose ategerezwa kwemerwa na Leta. Hollywood canke Netflix ntibibaho aho.
▪︎Nta bucuruzi bwigenga:
Nta masosiyete yigenga ariho. Vyose ni ivya Leta, kuva kuri boulangerie gushika ku coiffeur.
▪︎Nta matangazo y’ubudandaji:
Nta panneaux publicitaires ziri mu mabarabara. Hari gusa amajambo y’umugambwe uri ku butegetsi.
▪︎Guhimbaza abarongozi nk’imana:
Abarongozi barubahwa cane nk’aho ari imana. Hari ibishusho binini, inzu z’iratiro n’indirimbo vyubakiwe kubahimbariza.
⏩ :
Birabujijwe gutwenga, kunywa inzoga, gukora shopping, guhimbaza anniversaires canke kwinezereza kuva igenekerezo rya 17 gushika 28 Kigarama buri mwaka kubera ikiringo co kunamira Kim Jong-il, uwahoze arongoye igihugu. Ivyo bikorwa mu gihugu cose.
Fyonda suivre kurururubuga ubandanye ubona nayandimakuru mashasha
SOURCE 👉 ✍
Click here to claim your Sponsored Listing.
Category
Contact the public figure
Telephone
Website
Address
Bujumbura
Makamba