Radio Voix de la Réconciliation
đ La rĂ©conciliation c'est l'unique voix du developpement et de la paix durable.
#SAVACOM_DCMâïžđž
đ Abashinzwe ubutumwa bw'Abalayike muri Diyoseze Gatolika ya , baragiraniye umubonano n'abakirisu mvukira z'iyo Diyoseze baba mu gisagara ca , kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 31 Rusama 2026.
đ Patiri Willy-Fred HATUNGIMANA ajejwe ubwo butumwa ahimiriza abakirisu bavuye muma Diyoseze bavukamwo ko batoyaheba yamara baze baragira ico baterereye.
đ Bonaventure NSHIMIRIMANA ashinzwe kwegeranya abo bakirisu bo mu gisagara ca , agashima akigoro Diyoseze ibagirira mu kubaganiriza, akamenyesha ko batari imperekeza babwirizwa kugira ico baterereye.
đ Mwomenya ko ico gikorwa catangujwe n'inkuka ya Misa, yabereye kuri Paruwase igihe c'isaha zine (10h), urwo rugendo rukaba rwatanguriye muri Diyoseze Gitega kw'igenekerezo rya 17 Rusama 2026.
...
31/05/2026
*_Ijambo ryâUmukama, indwi yâ9 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa mbere, annĂ©es paires_*
*IGISOMWA CA MBERE*
_Ivyo dusoma mwâIkete rya kabiri ryâUmutumwa Petero (1, 2-7)_
Ncuti zanje, Umugisha nâamahoro nibibasagararemwo mu bumenyi bwâImana nâubwa Yezu Umukama wacu. Kuko ububasha bwâImana bwatugabiye ivyâubuzima nâubuyobokamana vyose mu kutumenyesha uwaduhamagaje ubuninahazwa nâubwiza bwiwe bwite, kuri ivyo nyene yaratugabiye ya mihango yâagaciro kandi yâagakura, kugira ngo bibatere gusangira nâImana kamere yayo mu kuva mwâibore ryâigomwe ryâivyâisi; mbere kubera ico nyene, nimushishikare rwose, ngo mubangikanye ukwemera nâubwiza, ubwiza nâubumenyi, ubumenyi nâubwirinzi, ubwirinzi nâubwiyumanganyi, ubwiyumanganyi nâubuyobokamana, ubuyobokamana nâubukundanyi, ubukundanyi nâurukundo.
```Iryo ni Ijambo ryâUmukama.```
*IZABURI 90 (91) 1-2, 14-15ab, 16*
_Icit. Mana yanje, ni Wewe nizeye._
Iyo nkingiwe nâinkinzo yâUwuhangamye mwâijuru, nkibera mwâirebe ryâUmushoboravyose, ndibuka Umukama ari we mahungiro nâamirukiro yanje, Imana yanje nizeye.
«Nzomukimbagiza ko yanyishimikije, nzomukuza ko atiyobagije izina ryanje. Aranyakura nkamwitaba, mu marushwa sindamuvirira.
Ndamuruhura nkamuninahaza, nzomuha kuramba kandi nzomuhishurira urukiza rwanje.»
*INKURU NZIZA*
*_Aleluya, Aleluya_*
_Imana yaduhaye ubuzima bwâijambo ryayo ryâukuri, kugira ngo tube imfura mu biremwa vyayo vyose._
*_Aleluya_*
_Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nkâuko yashikirijwe na Mariko (12, 1-12)_
*Yezu atangura kubwira abigisha nâabashingantahe mu migani ati: «Umuntu yateye imizabibu, arayizitira, yimba mwâibuye ubwato bwâukuganiramwo, ayubakamwo inzu yâirerekero, hanyuma ayishinga abarimyi, aca yigira mu mahanga. Igihe kigeze, atuma umusuku kuri ba barimyi ngo bamuhe uruhara rwiwe ku vyamwa vya ya mizabibu. Bo rero baramucakira, baramwegagura, bamusubiza inyuma iminwe igaragara. Arongera abatumako uwundi musuku, uyo na we bamukomeretsa umutwe kandi baramutuka baramujora. Arungika uwundi, we rero baramwica; abandi benshi babagira uko: bamwe barabakubita, abandi barabica. Yari asigaranye umuntu, umwana wiwe yakunda cane; ni we yabarungikiye ubwâimperuka, yibwira ati: Umwananje baza kumusonera. Ariko, ba barimyi bamubonye baryana akara, bati: Ngâuyu samuragwa; nimuze tumwice, iragi rizoba iryacu. Baramufata, baramwica bamurenza uruzitiro rwâimizabibu. None, nyene imizabibu azogira ate? Azoza atikize abo barimyi, imizabibu na yo ayishinge abandi. Mbe, ntimwasomye ha hantu mu gitabu ceranda ngo: Ibuye abubatsi bari bataye ni ryo ryabaye iteranirizo ryâinzu? Umukama ni we yavyigiriye kandi ni agahore kuri twebwe.» Kuva ubwo, barondera ingene bomufata, ariko bagatinya ishengero. Bari bumvise neza ko uyo mugani ari bo awuhinyika. Ni ko kumureka bakagenda.*
```Iryo ni Ijambo ryâUmukama.```
30/05/2026
*_Ijambo ryâUmukama, umusi mukuru wâUbutatu Bweranda rwose (A)_*
```Umusi wâUmukama ukurikira Pentekoti.```
*IGISOMWA CA MBERE*
_Ivyo dusoma mu gitabu câIhunguka 34, 4-6. 8-9_
*_(Ndi Umukama, ndi Umukama Imana nyenimpuhwe nâimbabazi)_*
Muri irya misi, 4 Musa yabĂąjije ibisate vyâamabuye bisa nâivya mbere, araheza avyuka kare mu gitondo nkâuko Umukama yari yabimutegetse, aduga ku musozi Sinayi afise mu minwe vya bisate bibiri vyâamabuye. 5 Umukama amanuka mu gicu, ahagarara ngaho iruhande yiwe, asamiriza izina Umukama. 6 Umukama aca imbere yiwe avuga ati: «Ndi Umukama, Ndi Umukama Imana nyenimpuhwe nâimbabazi itihutira gushavura, yuzuye ubuntu nâukuri». 8 Ubwo nyene Musa aca arunama, akubita inkoro hasi. 9 Hanyuma avuga ati: «Ninaba naratewe iteka mu maso yawe ga Mukama, Umukama wanje nagendere hagati yacu, nâaho ari abantu badadaza igikanu, kandi uratubabarira ku caha cacu no ku gicumuro cacu, wongere utugire icibare cawe».
```Iryo ni Ijambo ryâUmukama.```
*IZABURI (Daniyeli) 3 52, 53-54, 55-56*
_Icit. Nushimagizwe wongere uhayagizwe imyaka yose._
52 Nuhezagirwe Mukama Mana ya ba sokuru, nâushimagizwe wongere uhayagizwe imyaka yose. Nihahezagirwe izina ryawe ryeranda kandi rininahaye, nirishimagizwe, rihayagizwe imyaka yose! *_Icit._*
53 Nuhezagirwe mu ngoro yâubuninahazwa bwawe bweranda, shimagizwa wongere uhayagizwe kuruta vyose imyaka yose! 54 Nuhezagirwe ku ntebe yâubwami bwawe, nâushimagizwe wongere uhayagizwe kuruta vyose imyaka yose! *_Icit._*
55 Nuhezagirwe wewe usuzuma inyenga uri ku ntebe yâubwami hejuru yâabakerubini, nushimagizwe wongere uhayagizwe kuruta vyose imyaka yose! 56 Nuhezagirwe mu kirere câijuru, nushimagizwe wongere uhayagizwe kuruta vyose imyaka yose! *_Icit._*
*IGISOMWA CA KABIRI*
_Ivyo dusoma mwâikete rya kabiri umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti 13, 11-13_
*_(Inema ya Yezu Kristu, urukundo rwâImana nâubunywanyi bwa Mutima Mweranda)_*
11 Benewacu, nimunezerwe, murondere ubweranda, muremeshanye, muhuze ivyiyumviro, mwamane amahoro, niho Imana yâurukundo nâamahoro izobana namwe. 12 Nimuramukanye namwe mu guhoberana nkâaberanda. Aberanda bose barabaganutsa. 13 Muragahorane mwese inema yâUmukama Yezu Kristu, urukundo rwâImana nâubunywanyi bwa Mutima Mweranda.
```Iryo ni Ijambo ryâUmukama.```
*INKURU NZIZA*
*_Aleluya. Aleluya_*
_Haninahazwe Data, Mwana na Mutima Mweranda; Imana iriho, iyamyeho nâiyigira ngo ize! (Ivyahishuwe 1, 8)_
*_Aleluya_*
_Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nkâuko yashikirijwe na Yohani 3, 16-18_
*_(Imana yarungitse Umwana wayo kwâisi kugira ngo ikire ku bwiwe)_*
*16 Imana yarakunze isi gushika nâaho itanga Umwana wayo wâikinege, ngo uwumwemeye wese ntapfe, aronke riho ubuzima budahera. 17 Erega, Imana ntiyarungitse Umwana wayo kwâisi ngo acire isi urubanza, ahubwo yamurungitse ngo isi ikire ku bwiwe. 18 Uwumwemera ntiyÄgĂźrwa nâurubanza, ariko uwutemera yarĂągiriwe nâurubanza, kuko yanse kwemera izina ryâUmwana wâikinege wâImana.*
```Iryo ni Ijambo ryâUmukama.```
30/05/2026
đ Umuryango wa Ekleziya Gatolika ya Muyinga ubicishije mu gisata c'Abalayike urabatumiye mwebwe muba mu gisigara ca muvuka muriyo Diyoseze, mu kiganiro muzogirana kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 31 Rusama 2026.
đ
29/05/2026
*_Ijambo ryâUmukama, indwi yâ8 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatandatu, annĂ©es paires_*
*IGISOMWA CA MBERE*
_Ivyo dusoma mwâIkete ryâUmutumwa Yuda-Tadeyo (17, 20-25)_
Bakunzi banje, nimwibuke ivyabuwe nâabatumwa bâUmukama wacu Yezu Kristu. Nimwishimikize ukwemera kwanyu kweranda cane. Nimusabe muri Mutima Mweranda, nimwizigame mu rukundo rwâImana, nimwame muhahamira ikigongwe câUmukama wacu Yezu Kristu azobashikiriza ubuzima bwamaho. Abatararimbuka mubahanure, mubakize mubokore mu muriro ; abandi na bo mubagirire imbabazi kandi mutinye, muhunge nâimpuzu nyene yandujwe nâumubiri wabo. Na we, Uwushobora kubazigama ngo ntimutsitare no kubarengukisha imbere yâubuninahazwa bwiwe mutagira amahinyu kandi muri mu kanyamuneza, Imana imwe rudende ari yo Mukiza wacu ku bwa Yezu Kristu Umukama wacu, ni we akwiye ubuninahazwa, inganji, ubukomezi nâububasha kuva kera na rindi, ubu no mu myaka yose. Amen.
```Iryo ni Ijambo ryâUmukama.```
*IZABURI 62 (63) 2, 3-4, 5-6*
_Icit. Umutima wanje urakunyotewe, Mukama, Mana mfise._
Mana, ni Wewe Mana yanje mpora ndondera kuva mu gitondo ca kare; umutima wanje urakunyotewe. Nanje ndakwipfuza. Muri iyi si yase imigaga ibuze ikinyotera.
Ni ko, narakubonye mu ngoro yawe, ndihweza ububasha nâubuninahazwa bwawe; niho urukundo rwawe rwandutira amagara, ngashobora kugushimagiza.
Ni ko nzoguma nguhezagira umwanya nkiriho, nzokwayira iminwe izina ryawe; niho nzohimba nkâuwagaburiwe imisoso nâibinure, nzoguhaya mpimbarwe nâukuguhoza mu kanwa.
*INKURU NZIZA*
*_Aleluya, Aleluya_*
_Yeruzalemu, igine Umukama, ni we arungikira isi ijambo ryiwe._
*_Aleluya_*
_Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nkâuko yashikirijwe na Mariko (11,27-33)_
*Yezu nâabigishwa biwe basubira kugaruka i Yeruzalemu. Igihe Yezu yari mu Ngoro yâImana agendagenda, abaherezankuka bakuru, abanditsi nâabakurambere baramwegera bati: «Ubukuru bwâuko ukora ivyo ni ubuhe? Mbere nako uwaguhaye ubwo bukuru bwâugukora utyo ni nde?» Yezu arabishura ati: «Ndababajije nanje ijambo rimwe. Nyishure, nanje ndababwira iyo nkura ubukuru bwâugukora ntyo. Mbega, ibatisimu ya Yohani yaturuka mwâijuru canke mu bantu? Nyishure.» Na bo bibwira mu mutima bati: «Nitwishura tuti: Mwâijuru, atubwira ati: None se, ko mutamwemeye? Naho twishure tuti: Mu bantu?» Batinya ishengero, kuko bose bemera ko Yohani yari umuhanuzi wâukuri. Bishura rero Yezu bati: «Ntitubizi.» Yezu na we abishura ati: «Nanje rero simbabwira ubukuru butuma nkora ivyo.»*
```Iryo ni Ijambo ryâUmukama.```
28/05/2026
*_Ijambo ryâUmukama, indwi yâ8 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatanu, annĂ©es paires_*
*IGISOMWA CA MBERE*
_Ivyo dusoma mwâIkete rya mbere ryâUmutumwa Petero (4, 7-13)_
Bakunzi banje, Umuhero wa vyose uri hafi: nimwitonde rero kandi nimwigerere ngo mubone uburyo bwo gusenga: imbere ya vyose, nimugiriranire urukundo rwa cane, kuko urukundo rupfuka isinzi ryâibicumuro. Nimuhane indaro mutidodomba. Nkâuko umwe wese muri mwebwe yahawe ingabirano yâImana, abe ari ko muyifashisha abandi nkâabashikiriza bâiyo ngabirano Imana igaba ku bwinshi. Uwuramutse avuga ijambo, nâarivuge nkâijambo rivuye ku Mana; na we uwuramutse akorera abandi, nâabigire nkâuwahawe nâImana ubwo bukuru; kugira ngo muri vyose Imana ininahazwe ku bwa Yezu Kristu afise ubuninahazwa nâinganji mu myaka nâimyaka. Amen. Bakunzi banje, ntimutangazwe na wa muriro wabadutsemwo ngo mugeragezwe, nkâuko akatabonetse koba kabadutsemwo; mugabo, nkâuko musangira amagorwa ya Kristu abe ari ko munezerwa, kugira ngo no ku musi wâihishurwa ryâubuninahazwa bwiwe muze munezerwe muhimbarwe.
```Iryo ni Ijambo ryâUmukama.```
*IZABURI 95 (96) 10, 11-12a, 12b-13b*
_Icit. Umukama ariko araza ngo acire urubanza isi._
Cire agace abanyamahanga muti: «Umukama ari ku ngoma!» ni we yagize isi itayegayega; ni we acira urubanza ibihugu akurikije ubutungane.
Ijuru nirihimbarwe, isi na yo itÄrĂźke, ikiyaga nâivyo gitunze bitere akamo, imirima nâivyamwa nibihimbarwe!
Ibiti vyo mwâidonzi binezerwe, nâuko bibonye Umukama ariko araza, ngo acire urubanza isi.
*INKURU NZIZA*
*_Aleluya, aleluya_*
_Nimwazigama ijambo ryâubuzima, muzoba isĂŽko ryâumuco wakaka kwâisi._
*_Aleluya_*
_Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nkâuko yashikirijwe na Mariko (11, 11-25)_
*Hanyuma, Yezu yinjira mu gisengero. Amaze kwihweza vyose, buhaye bwira, asohokana na ba bandi cumi na babiri, bagenda i Betaniya. Bukeye, bavuye i Betaniya, Yezu yumva arashonje. Ngo abone kure umutenahi wuzuyeko ibibabi, araza ngo arabe ko yohakura icamwa, ariko amaze kwegera, asanga ni ibibabi bisa. Nka ko, nticari igihe câamatenahi. Abwira rero nya mutenahi ati: «Ntihabe hakigira umuntu nâumwe akurya icamwa!» Na bo abigishwa biwe baravyumva. Bashika rero i Yeruzalemu. Na we Yezu ngo yinjire mu gisengero, aja mu vyo kwirukana abavunja amafaranga nâabagurira mu gisengero, atembagaza ameza yâabavunja amafaranga nâintebe zâababunza inuma, kandi ntihagira nâumwe arekura ngo acane ikintu mu gisengero. Ni ko kubigisha ati: «None ntihanditswe ngo: Ingoro yanje izokwitwa ingoro yâugusenga kwâibihugu vyose? Mweho mwayigize uburumba bwâabasuma.» Ivyo bigera mu gutwi kwâabaherezankuka nâabigisha, baja mu vyo kurondera ingene bomwica: nkako baramutinya, kuko igihugu cose cari catamariwe nâivyo yigisha. Buhaye bwira, Yezu nâabigishwa biwe bava mu gisagara. Bahindukiye mu gitondo kare, babona ca giti câumutenahi cumye no mu mizi. Petero rero aribuka, abwira Yezu ati: «Mwigisha, raba! Wa mutenahi wavuma wumye.» Na we Yezu abishura ati: «Be mwemera Imana. Ni ivyâukuri ndabibabwiye: hagize uwubwira uyo musozi ati: Ikure aho, wite mu kiyaga, adahigima mu mutima wiwe ariko yemera ko ico avuze kiba, azobona kigirwa. Ni co gituma mbabwiye nti: Ico musabisha igisabisho cose, nimwemera ko muza kukironka, muzokironka. Iyo muhagaze naho ngo musabe, hari ako mufitiye umuntu, nimumurekurire, ngo So ari mwâijuru abarekurire namwe ivyo mwamututse.»*
```Iryo ni Ijambo ryâUmukama.```
Click here to claim your Sponsored Listing.
Category
Telephone
Website
Address
Muyinga
DS123BUJUMBURA
Opening Hours
| Monday | 05:00 - 22:00 |
| Tuesday | 05:00 - 22:00 |
| Wednesday | 05:00 - 22:00 |
| Thursday | 05:00 - 22:00 |
| Friday | 05:00 - 22:00 |
| Saturday | 05:00 - 22:00 |
| Sunday | 05:00 - 22:00 |