Nyabusorongo
Uburundi ni impetso ya twese. Dukunda abarundi bose. Tuvuga ukuri gusa. Akari munda y'ingoma, kamenwa n'uwayikanye.
06/14/2026
🔴Ubu tuvugana, hari impari zikomeye cane, ziriko zihuza abarundi n'aba Tanzania, bivuye kuri uno mukinyi !
Bamwe bati ni umu Tanzania yavukiye munkambi y'abarundi, abandi mwanguha ni umurundi yavukiye munkambi y'impunzi nyene, ntakuntu na gutoya yoca acika umurundi kuko mumubonye yanditse amateka kw'isi!
None vy'ukuri, ukuri ni ukuhe?
🔴Tumaze kubona izo mpari, twegereye uwemeza neza ko yabanye n'umuryango wuwu mukinyi Irankunda Nestor, turamubaza ibitari bike vyari nk'igipfungu kuri uwo mukinyi.
Yatwishuye atarya umunwa agira ati:
" Uyu Nestor Irankunda ndamuzi neza cane, kandi ndazi na se na nyina wiwe bwite, bose ni abarundi badateye amazi!
Yongeye ati; burya ntimubone uwu musore ariko arabica bigacika, se wiwe nawe yari agahambaye aho hambere!
N'ubwo atamenyekanye mu Burundi, sinibaza ko hari umukinyi yamusumbije kwandikisha amateka muvyo umupira w'amaguru !
Se w'uyu mukinyi mubona, izina ryiwe ry'ukuri rimwe nibuka ni DAWUDI.
Ariko yamenyekanye cane kugatazirano ka GGIGGA, mu nkambi y'impunzi z'abarundi yitwa Nduta .
Aho hari mu myaka ya 1996 gushika mu 2006.
Ico gihe, harakunda kuba amahiganwa akomeye, yahuza abakinyi b'impunzi bava mumakambi atandukanye yari muri ico gihugu ca Tanzania.
Ndibuka, hari hariho amakambi nkaza Mtabila ya mbere n'iya kabiri; Nduta, Kanembwa, Mtendeli, Mkubwa, Nyarugusu, Uliyankulu y'i Tabora, Lukole, Karagwe, n'izindi.
Ico gihe, imigwi y'izo kambi yari ikomeye cane.
Yarakinamwo abakinyi bakomeye, tukibaza tuti ubwo mu Burundi hariyo abakinyi bakomeye nkuku basigayeyo?
Arongera ati; ndibuka nk'abakinyi bakinana na Se wa Irankunda Nestor bari bakomeye cane nabonyene.
Ni nk'uwo twatazira MACHINGA, DIEU, BAGOSORA, INNOCENT, HUSSEIN, MAVUMBI, MUHITIRA, n'abandi amazina yabo adashotse angarukamwo.
Ico nibuka cane kuri Se avyara uyu IRANKUNDA Nestor, nuko yari mugufi akangana n'uwo muhungu wiwe nyene mubona.
Yakunda kugendana igitari, nico yakunda kwivugiriza murusengero.
Numva bamwe bamuhamagara Pasita, ngira yari umukozi w'Imana.
Baba muri Quartier yiyo kambi yitwa H2!
Yahavuye yimukira mu gihugu ca Australia mu myaka ya 2006, muciswe Ubuhungiro bwa 3 (troisième refuge en Français).
Kuva tukiri muri iyo kambi y'i Nduta, numva bavuga ko GIGA yaturuka za MAKAMBA-NYANZALac.
Nubu mbere, aracariho, yibereye mu gihugu ca Australia, aba Tanzania rero kwiyitirira umuhungu wiwe, ngira bafatira kukuntu yavukiye mu gihugu cabo; ariko ntibabeshe, uyu muhungu akomoka kubavyeyi b'abarundi neza, n'ubwo ubu akinira muvyo umupira w'amaguru.
📍Twitegereje neza, twese twokwemeranya ko abarundi bafise impano yo gukina utugenegene n'umupira w'amaguru urimwo.
Mu Burundi hamwe hoboneka abitaho ibintu nk'ibi kare, imigwi igategurwa kare cane, uburyo bugashirwamwo bukwiye, ntitwomaramara mu makungu hageze amahiganwa!
Nawe woba warabaye, canke warakuriye muri iyo kambi ya Nduta, ukadutera inkuru z'uyu muryango?
AKEZA SPORTS
Kazoza FM & Web TV
Radio-Télévision Isanganiro RTI
Radio Indundi Culture
ITEKA FM Radio
.
06/14/2026
🔴Ku musi wa hirya yejo, niho Nyenicubahiro umukuru w'igihugu cacu c'Uburundi, Général Major Ndayishimiye Evariste yugurura icese umwaka w'Ishure muri Kaminuza ya Gisirikare mu Burundi .
Yaboneyeho n'akaryo ko gukeza Ingabo zose z'igihugu muri rusangi kuk'ubuntu ari Intahemuka, intadohoka kw'ijambo barahirira mu gihe binjiye muri ayo mabanga.
📍Bamwe n'abandi babonye ano mafoto hirya no hino kumbuga, baremeza ko Ingabo z'Uburundi zisigaye zambara impuzu nziza, kandi zibakwiye atari nka kera!!
Irabire nawe.
06/12/2026
🔴Ikindi kandi tutotwibagira kuri Prezida Nkurunziza Pierre, nuko yakunda cane abanyatugenegene.
Aha twovuga nka bamwe benshi bita aba Stars muvyo imiziki, ntiyasiba kubagendera no kubatera intege kumwuga wabo.
Aho hose, Prezida Nkurunziza Pierre yaca yigisha urukundo, kwirinda amacakubiri, kunywanisha abarundi no gukunda igihugu cawe muvyo wokora vyose.
📍Ibi vyatumye haba bamwe mu barundi bagarura agatima ko gukunda igihugu, kari karavuyemwo akariro.
Prezida Nkurunziza Pierre benshi batazira PITA; ryari itunga rikomeye cane kubarundi, nuko nyene Intwari zitaramba.
Tuzokwama twibuka ivyiza yakoreye Uburundi n'abarundi mu bice bitandukanye vy'igihugu.
!
06/11/2026
🔴Ikindi kintu abarundi batazigera bibagirirako Prezida Nkurunziza, ni ukuntu yakunda inkino, akazikina, akazitaho.
Ku ntwaro yiwe, niho hubatswe ibibuga vyinshi vy'umupira w'amaguru n'ivyo amaboko.
Ku ntwaro yiwe nibwo bwa mbere igihugu c'Uburundi caronka amahirwe yo gukina za nkino zikomeye zo kumugabane wa Afrika, zihuza ibihugu vyarushije ibindi ari yo CAN; hari mu 2019.
📍Aho hose aciye, umuhise Prezida Nkurunziza, ntiyasiba kumenyesha ko inkino ari kirumara mu gihugu, ko turetse ko zinywanisha abantu, ahubwo zitaweho neza, zigatunganywa neza, zishobora no guteza imbere igihugu.
!
06/08/2026
🔴Muri vyinshi yasize atubwiye, je ndibuka ko yigeze kuvuga ati:
" Nta munyamahanga azogukundira igihugu kukurusha, murundi kura amaboko mu mpuzu, korera igihugu cawe ugiteze imbere!"
Buri wa gatandatu, ntiyasiba gufata igipawa, isuka acanga i béton kugira yubake igihugu ciwe.
Ivyo je ndavyibuka ko atahengeshanya kubikora!
Ikindi kandi, umuhisi Prezida benshi bamwibukira kukuntu yakunda gusenga, gufasha abafise n'impfuvyi, hamwe no kwikinira agapira n'abanyagihugu b'akarere y'aba yagendeye!
📍Nivyo bikurubikuru je ndamwibukirako Nkurunziza kuri uno musi mukuru wamuhariwe!
We nawe ntatujambo yakunda kuvuga ucibuka?
06/06/2026
🔴Abarundi benshi barakumbuye za nk'uru nziza ziwe zitwenza, bwabugwa neza kwiwe, kwagufasha abatishoboye, kwakwivayanga mubanyagihugu akinana nabo umupira, bavyinira hamwe mu munezero ntangere mukwubaka amashure, ibiraro, n'ibindi!
Abarundi turakumbuye kandi
Twatujambo nka shauri yake, Imana niyo cabona,
Twatwibutsa dutwenga tukigisha nka Inkoko muguhona, zicudika n'ibisiga,n'utundi twinshi!
📍Genda Nyenicubhiro Petero Nkurunziza wari warakunzwe n'abo watwara!
Ndibuka ko abo twabana benshi bamaze kwumva inkuru mbi ko washengeye, benshi bararize k'umugaragaro kubwo urukundo bari bagufitye.
Ivyiza wakoreye Uburundi ntawobvuga ngo abiheze, ariko nibutse bike abarundi batari bibuka neza!
Niwe wavumereye ngo abana bose b'Uburundi ni bige k'ubuntu bitako biraba; niwe wavumereye ubwa mbere ngo abana batarakwiza imyaka 5 nibavugwe k'ubuntu bitako biraba, n'ibindi vyinshi.
Icambabaje cane, nuko hari abarundi baryohereye n'ishengera ryawe n'ukuntu wari waragerageje kunywanisha abarundi bose...ibi vyarambabaje cane, vyanyeretse nkuko umenga abarundi ntidushima.
Igenda ryawe Nyenicubhiro Nkurunziza, ryadusigiye igikomere gikomeye n'ubu abarundi bamwe batarapfa bakize.
Hari abavuga bati:
" Iyo Nkurunziza aba akiriho, hari ivyo tuba tutariko turahura navyo muri 2026, bati basi aba apfuma agahanura...ariko Imana rugira vyose uko yabishatse siko twavyipfuza ntakundi.
Imana nibandanye iguha uburuhukiro bwiza, uri Intwari Uburundi bwagize, ntituzokwibagira abarundi wakundishije igihugu.
🔴 Kugeza zino saha, abarundi nka bose bari kw'isi yose, baribaza bati :
" Kuki mu migumuko yabaye mu Burundi muri 2015 haturiwe amapine mu mabarabara yo muma Quartiers ya Musaga, Ngagara, Cibitoke, Mutakura gusa?
Kuki tutigeze tubona abanya Buyenzi canke abarundi b'abanya Kamenge baturira amapine?
📍Aha niho uca ubonera ko abarundi tugoye n'ubwo bwoba ari ubwa mbere ubaye mu Burundi.
Iki kibazo ukibajije , ndazi neza ko ata nyishu yopfa aguhaye,
wakibaza Marguerite Barankitse canke Sinduhije Alexis, nabonyene vyogenda ntyo.
Nawe wewe nyene usomye ino message, weho woronkera inyishu ico kibazo?
Click here to claim your Sponsored Listing.
Category
Contact the business
Telephone
Address
1790 Rue Jeannine-Lépine
Sherbrooke, QC
J1E4K9